Blog

Agashimwe k’Urukundo muri Fo-Fe

Inyuma yo gutsindira agashimwe k’ibahasha ry’amafaranga y’uburundi angana n’umumiriyoni(1.000.000fb ) mwihiganwa ry’ururirimbo rwiza ruhayagiza  igihugu cacu c’Uburundi, umwanditsi w’indirimbo akaba n’umuririmvyi Nsengiyumva Minani Félicien yahisemwo kugena ako gashimwe ngo kaje mugikorwa co gufasha ba ntahonikora kiriko kirangurwa n’ishirahamwe Fondation Femidejabat.
Nkuko uwo asanzwe aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe Fondation  Femidejabat abimenyesha, ntakindi atari impuhwe n’umutima  wo gufashanya  vyatumye agenera ako gashimwe imiryango itishoboye. Aho yagize ati: “Gutanga ako gashimwe kose nuko nabonye ko hari abababaye cane   batorohewe n’ubuzima barimwo bagakeneye nubwo na jewe ntikenuye muri vyose. Ni umutima wifuriza abandi kworoherwa mu kubaho kwabo.”
Ayo mahera rero aciye muri iryo shirahamwe Fondation Femidejabat azosahiriza mugikorwa co kugurira amakarata yo kwivurizako ku buntu imiryango yaba ntahonikora bo mu ntara za Bujumbura, Gitega, Babanza na Rumonge.
Twobamenyesha kandi ko iryo higanwa ryari ryateguwe n’ishirahamwe  ry’abarundi basanzwe baba mu makumgu (la diaspora burundaise ).
Chancelle Bamuhaye

Leave a Comment

Name*

Email* (never published)

Website