Burundi

Inama yambere itegura ihiganwa Miss Inakaranga.

#Burundi : IHIGANWA #MISS#INAKARANGA.Umunezero ni mwinshi muri #Fondation#FEMIDEJABAT. Umurwi utegura ihiganwa #Miss #INAKARANGA kurwego rw’igihugu ( Comite national de Pilotage de Miss Inakaranga), uno musi wakoze inama yambere yokurabira hamwe ibikenewe vyose kugira iryo higanwa ritangure. Ni inyuma yaho ubushikiranganji bubijejwe buherutse kwemerera Fondation FEMIDEJABAT gutegura iryo higanwa mu ntara zose zigize igihugu cacu. Mubihe biri imbere uwo murwi uzoshira ahabona ikirangamisi n’ibisabwa kubifuza kuritabira. /@#FOFE #Miss #INAKARANGA.

Après son couronnement comme MISS KAYANZA2020 Neilla MUTONIWIMA a tenu sa 1ère conférence de presse ce 04.01.2020 au siège de la Fondation Femidejabat.

@FFSPN / Fondation Femidejabat au Service du Peuple et de la Nation. Après son couronnement comme #MISS#KAYANZA2020 en date du 1er janvier 2020, mademoiselle Neilla MUTONIWIMA a tenu sa première conférence de presse ce 4 janvier 2020 au siège de la Fondation Femidejabat. Elle a organisé cette activité pour remercier la Fondation Femidejabat pour son soutien et son encadrement dans le cadre du projet MISS INAKARANGA car, n’eût était cette initiative, elle n’aurait pas eu le courage d’aller participer dans ce genre de compétition. Pour l’encourager, la Fondation Femidejabat lui a offert un smartphone qui va l’aider à communiquer pour la mise en œuvre de ses projets. Signalons que Miss Neilla MUTONIWIMA est la première fille issue de la Communauté Batwa d’avoir participé et gagné la compétition Miss.Nous appelons les âmes de bonne volonté de la soutenir.Rappelons que le Projet MISS INAKARANGA est mis en œuvre par la Fondation Femidejabat en collaboration avec les organisations VONECOVIC, ACOPA-BURUNDI, UNIPROBA, UCDD, AIDEB ainsi que d’autres bienfaiteurs du Burundi et de la Diaspora depuis le 28/10/2018.

Femi i Gitega asigura ibijanye n’igitabu.

Umuririmvyi Felicien MINANI azwi kw’izina rya Femi de J’Abat arabandanya igikorwa co gutanguza, iyandikwa ry’igitabo kizoba kivuga k’ubuzima bw’abaririmvyi n’ubwo umuziki mu Burundi. Kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2018, ico gikorwa kiriko kibera mu ntara ya Gitega. Aherekejwe n’abaserukira ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama, Felicien MINANI Femi de j’Abat ariko asigura uko igikorwa co kwandika kizogenda n’uburyo buzokoreshwa aho buzova. Ico gikorwa co gusigura ibijanye n’igitabo ciswe ’’Encyclopédie de la musique burundaise’’ kiriko kibera mu ntara ya Gitega, citabwe n’abaririmvyi bava mu ntara za Gitega,Muramvya, Ruyigi, Mwaro, Cankuzo hamwe n’intara ya Karusi. Igikorwa co gutanguza k’umugaragaro iyandikwa ry’igitabo ’’Encyclopédie de la musique Burundaise’’ catanguriye mu gisagara ca Bujumbura, kuwa gatatu igenekerezo rya 31 Nzero 2018. Yanditswe na MUGISHA Van – Igihe.bi  Source : http://igihe.bi/spip.php?page=v5article&id_article=20956

Femi arashima uko vyagenze

Ibikorwa vyo gutanguza iyandikwa ry’igitabo c’ububiko vy’ibikorwa vy’abaririmvyi n’abacuraranzi ciswe « Encyclopédie de la musique Burundaise » vyaratunganijwe mu mpera z’ukwezi kwa mbere.Femi de J’Abat arongoye Fondation Femi de J’Abat iriko ikora ico gikorwa, arashimishwa n’uko ibikorwa vyagenze, agasaba na cane cane abaririmvyi ko bogikora nk’abikorera. Igikorwa co gutangura kwandika igitabu « Encyclopédie de la musique Burundaise » ryatunganijwe mu mihingo yose y’igihugu kuva 1 ya Rkw’igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2018, aho ubutumwa bwatangwa ari uguhamagarira abaririmvyi bose kwandikisha ibikorwa vyabo, bakanasigurirwa ko ari umugambi uzobagirira neza mu mwuga wabo, ivyo bakora bikaja hamwe n’ivy’abandi gutyo ntibizokwigere bizimangana, abuzukuru n’abuzukuruza babo bazomenye ico bamaze, bakanakimarira igihugu. Mu gihe bagendera intara zo mu bumanuko, Femi de J’Abat yabwiye abitavye ibirori ko indoto yaramaranye imyaka 18 yayishikanye,ko rero naho ari intango, abona ko vyose bizogenda neza, bivanye n’ishaka ry’umuntu wese ari mu gikorwa. Femit de j’Abat, mu ngendo zose yagize mu gihugu hagati yasavye abaririmvyi ndetse n’abari mu ntwaro, ko bokorana neza kugira ntihagire umuririmvyi yibagirwa bivuye ku gusamara canke ukutabishiramwo ugushaka. Yanditswe na MUGISHA Van Igihe.bi http://igihe.bi/spip.php?page=v5article&id_article=21061