Uncategorized

Miss Kayanza2020 Neilla MUTONIWIMANA niwe yatsinze, imbonekarimwe ku Batwa mu Burundi. /@BBC Gahuza.

“Ni iteka rinini kuri jewe nk’umukobwa w’umutwakazi kubona narashoboye gutsinda ihiganwa rya Miss Kayanza, ibitari bimenyerewe mu gihugu ko ubwoko bw’abatwa buja mu mahiganwa nk’ayo”. Uyo ni Neilla Mutoniwimana, umwigeme w’umutwakazi yatsindiye ihiganwa rya Miss Kayanza, aho avuga ko yiteguriye no kuja mu yandi mahiganwa ku rwego rw’igihugu. Miss Kayanza ni ihiganwa rihuza abigeme bo mu ntara ya Kayanza ryatanguye kuva mu mwaka wa 2012 rikaba ritegurwa n’umurwi Umuco w’aba SCOUT. Yatowe mu bandi umunani bari muri iryo higanwa rigize icenda ryabaye ku wa 01 /01/2020, inyuma y’amezi atatu yose bari bamaze bitegura. Kubwo ishirahamwe ryateguye uyo mwigeme, intsinzi ya Neilla Mutoniwimana, ni amateka adasanzwe muri kahise k’ u Burundi. Neilla Mutoniwimana ni umutwakazi yiga mu mwaka wa 12 kw’ishure ryisumbuye rya Muhanga avuka ku mutumba wa Gashibuka, ya zone na komine Muhanga mu ntara ya Kayanza. Avugana na BBC, umwigeme Mutoniwimana ahanura abandi bigeme b’abatwakazi kureka kwikumira bakaja hamwe n’abandi, maze bashobore kugira uruhara mu kintu ico ari co cose giteguwe mu Burundi. Kubw’iwe, iyo wikumiriye, n’abandi baragukumira. Ati: “Narerekanye neza ko na twebwe dushoboye mu bintu vyose. Jewe sinikumira, iyaba narikumiriye sinari gushobora kuja muri iri higanwa. Nagize umwete kugira ngo nshobore kuvyifatamwo neza”. Ku bateguye ihiganwa, uyo mwigeme yerekanye ubukerebutsi budasanzwe. Gilbert Biziyaremye arongoye umuhari wa SCOUT mu ntara ya Kayanza ariwo wateguye iryo higanwa avuga ko vyabanezereje kuko bwari ubwa mbere babonye umwigeme w’umutwakazi asumbije abahutukazi n’abatutsikazi bari basanzwe batsindira iryo higanwa. Ati: “Mu gihe turiko turabategura twabona umengo ntavyo azoshobora, vyabonetse ko yari yibitse, maze ibintu bikomeye cane aca avyerekanira imbere y’abarorerezi”. “Nivyo ko hahora hatsinda abahutukazi n’abatutsikazi gusa, ariko abibaza ko twoba twashize imbere ivyo ubwoko kugira ngo nabo baserukirwe sivyo na gato, yarabasumbije”. Umwimbu wa FEMIDEJABAT ? Neilla Mutoniwimana yateguwe n’ishirahamwe Fondation FEMIDEJABAT risanzwe ririko rirategura ihiganwa MISS INAKARANGA rizohuza abigeme b’abatwakazi mu gihugu cose. Nk’uko bivugwa na Isaac Bakanibona, umunyamabanga nshingwabikorwa wa FEMIDEJABAT akaba kandi ariwe ahagarariye MISS INAKARANGA, iryo higanwa rifise intumbero yo guhimiriza abigeme b’abatwa no kubategura kugira ngo bazoshobore kwitabira ihiganwa rya MISS BURUNDI. Bwana Bakanibona yabwiye BBC ko ari ibintu bihimbaye kubona umwana bateguye ashoboye guhiganwa n’abandi mbere […]

Après son couronnement comme MISS KAYANZA2020 Neilla MUTONIWIMA a tenu sa 1ère conférence de presse ce 04.01.2020 au siège de la Fondation Femidejabat.

@FFSPN / Fondation Femidejabat au Service du Peuple et de la Nation. Après son couronnement comme #MISS#KAYANZA2020 en date du 1er janvier 2020, mademoiselle Neilla MUTONIWIMA a tenu sa première conférence de presse ce 4 janvier 2020 au siège de la Fondation Femidejabat. Elle a organisé cette activité pour remercier la Fondation Femidejabat pour son soutien et son encadrement dans le cadre du projet MISS INAKARANGA car, n’eût était cette initiative, elle n’aurait pas eu le courage d’aller participer dans ce genre de compétition. Pour l’encourager, la Fondation Femidejabat lui a offert un smartphone qui va l’aider à communiquer pour la mise en œuvre de ses projets. Signalons que Miss Neilla MUTONIWIMA est la première fille issue de la Communauté Batwa d’avoir participé et gagné la compétition Miss.Nous appelons les âmes de bonne volonté de la soutenir.Rappelons que le Projet MISS INAKARANGA est mis en œuvre par la Fondation Femidejabat en collaboration avec les organisations VONECOVIC, ACOPA-BURUNDI, UNIPROBA, UCDD, AIDEB ainsi que d’autres bienfaiteurs du Burundi et de la Diaspora depuis le 28/10/2018.